Amakuru
1 juin 2022

Urucanco ni rwo rwosubira kugarukana agahengwe inyuma y’aho inyonko ya Vallée du Rift itereyep

Leta irasabwa gutora urucanco rukinga indwara y’inka n’ibindi bitungwa ivugwa mu gihugu c’Uburundi kugira ngo ibikorwa vyo kubaga bibandanye. Ni ibisabwa na Hubert Mbabazi, umuyobozi mukuru ajewe ibagiro rya Bujumbura. Abivuze mu gihe gushika ubu ata nka n’imwe irangwa kuri iryo bagiro kuva ku munsi wa gatandatu inyuma y’aho havuzwe ko inka zimwe zimwe zafashwe n’indwara y’inyonko yo mu Kiyaya ca Rift.