Amakuru
15 novembre 2022

Impene n’intama zirenga imiliyoni zitatu ni zo zigiye gucandagwa indwara y’akaranda izibangamira

Kuri uyu wa mbere ni ho hatanguzwa isekeza ryo gucandaga impene n’intama kugira zirindwe indwara y’akaranda izibangamira. Muri iryo sekeza, hitezwe gucandarwa impene n’intama zirenga imiliyoni zitatu. Muri ivyo birori vyabereye muri zone Ndava, komine Buganda, mu ntara ya Cibitoke, umushikiranganji w’Ubworozi, Sanctus Niragira, yasavye aborozi bafise ivyo bitungwa bitarenza amezi atatu kwitabira ari benshi iryo sekeza.