Amakuru
19 septembre 2023

Igikorwa co gucukura umusenyi n’amabuye mu nzuzi kigiye gukorwa n’amakoperative yigenza neza

Mu minsi mike amakoperative acukura umusenyi n’amabuye mu nzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura agiye gusubira ku mirimo. Vyatangajwe ku munsi wa mbere n’umushikiranganji w’Ibidukikije, aho yariko akorana inama n’abarongoye ayo makoperative. Ariko rero Sanctus Niragira akagabisha ko koperative zizohabwa uruhusha rwo gusubira ico gikorwa zizoba ari izigenza neza, hanyuma zikitegura bikwiye kugira zikorane neza na leta. Twibutse ko ico gikorwa cari kimaze amezi carahagaritswe ku mvo ko kitubahiriza ibidukikije.