Amakuru
23 novembre 2022

Uburundi bwakiriye izindi nkingo zigera ku bihumbi 125 zo gukinga inyonko yo mu Kiyaya ca Rift

Leta y’Uburundi yarakiriye incanco zigera ku bihumbi 125 vyo gukinga inyonko yo mu Kiyaya ca Rift. Izo zikaba zije ziyongera ku zindi zigera 393 250 zari zimaze gushika kuva iyo ndwara iteye. Martin Niteretse, umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, arashima ingene igikorwa co gucanca ibitungwa kiriko kiragenda, akamenyesha kandi ko leta y’Uburundi yiteze n’izindi nkingo zigera ku bihumbi 126 750.