Amakuru
29 mai 2021

Urubibe ruhuza Uburundi na Congo rugiye gusubira kwugururwa igenekerezo rya 01 Ruheshi

Ni agakuru keza, urubibe ruhuza Uburundi na Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo RDC ngo rugiye gusubira kwugururwa ku munsi wa kabiri igenekerezo rya mbere Ruheshi. Ivyo ni ivyashikirijwe kuri uyu wa kane na Thaddée Ndikumana, umushikiranganji w’amagara y’abantu. Aho uwo mushikiranganji akaba yari yishikiye mu kibanza cubatswemwo inyubakwa izofatirwamwo ibipimo binyaruka vy’umugera wa Covid-19 ku bazoba binjira mu Burundi.