Amakuru
28 juillet 2022

Mu Burundi haribonekeza umurindi w’igwirirana ry’ikiza ca Corona

Ikiza ca Corona casubiye kwibonekeza ku bwinshi mu Burundi. Abantu barenga 200 ni bo baharurwa ko banduye ku musi. Bishikirizwa na Muganga Sylvie Nzeyimana, umushikiranganji w’Amagara y’abantu. Akaba yabivuze kuri uyu wa kabiri aho yari mu nama yagiranye n’umurwi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca Corona. Sylvie Nzeyimana avuga ko ico kiza ataho caroye, agahamagarira abanyagihugu gukurikiza amabwirizwa yo kwirinda ico kiza.