Amakuru
29 octobre 2022

Abantu bababa imiliyoni 2 ni bo bapimwe umugera wa Corona kuva ushitse mu gihugu

Abantu barenga ibihumbi mirongo itanu baranduye barakira umugera wa Corona kuva mu kwezi kwa Ntwarante 2020 gushika itariki 26 Gitugutu 2022. Ivyo biri mu cegeranyo c’ivyaranguwe n’umurwi ujejwe kurwanya ikiza ca Corona cashizwe ahabona kuri uyu wa kane. Muganga Sylvie Nzeyimana, asanzwe ari icegera c’uwurongoye uwo murwi akongera akaba n’umushikiranganji w’Amagara y’abantu, amenyesha ko abantu bababa imiliyoni zibiri ari bo bashoboye gupimwa ico kiza.