Amakuru
19 mars 2021

Urubanza rwa Christa Kaneza, yagirizwa ko ariwe yagandaguye umugabo wiwe Thierry Kubwimana, ni urubanza rw’akarenganyo rudakurikije amategeko

Urubanza rwa Christa Kaneza, yagirizwa ko ariwe yagandaguye umugabo wiwe Thierry Kubwimana, ni urubanza rw’akarenganyo rudakurikije amategeko. Biri mu cigwa cakozwe na CAVIB, ihuriro ry’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi mu Burundi. Umushingwamanza Emmanuel Nkengurutse, ari muri CAVIB, avuga ko bimwe biri mu mahinyu yaranze urwo rubanza, ari nko kubona Pierre Nkurikiye, asanzwe ari mu kibanza ca politike c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, yarivanze cane muri urwo rubanza.