Amakuru
8 février 2022

Ibitero vy’Uburundi muri Congo sivyo bizogarukana amahoro. Ibiganiro bidakumira vyonyene niwo muti

Ibitero biriko bikorwa n’igisirikare c’Uburundi ku butaka bwa Congo nta kindi bugamije atari ugushaka ko ubwoko bumwe bwizizira akarere, nk’uko leta y’Uburundi ivyipfuza. Bivugwa na Emmanuel Nkengurutse, yahoze ari umukenguzamateka, aho aterwa impungenge n’agacerere k’ubutegetsi bwa Congo kuva aho ivyo bitero bitanguriye. Akavuga ko ari naco gituma hari umushingamateka w’ico gihugu yandikiye umunyamabanga mukuru wa ONU amutabaza kugira ivyo bitero bihagarare. Ngo ico mu bisanzwe cari igikorwa ca leta ya Congo, ngo kandi niho iryo kete ryogize amahirwe yo kugira ico rigerako. Kubwa Emmanuel Nkengurutse, kwitwaza kuja kurwanya imirwi y’abarwanyi b’Abarundi muri ico gihugu bizokwunyura umutekano muke mu karere. Ku bwiwe, ngo ibiganiro bidakumira nivyo vyotorera umuti ikibazo c’Uburundi.