Amakuru
15 février 2022

Ikurwa ry’ibihano ku Burundi ntirisigura ko ubwicanyi burekuwe

Leta ntiyari ikwiye gutamba ngo ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ngo ryakuyeho ibihano. Bivugwa na Emmanuel Nkengurutse, umuvugizi w’Umugambwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi. N’aho biri uko, leta y’Uburundi itegerezwa kuguma yubahiriza agateka ka zina muntu nk’uko ibitegekwa n’Ibwirizwa shingiro.