Amakuru
16 février 2021

Umwongereza Karim Khan yaratowe kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Ruhuhuma, nk’umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI

Umwongereza Karim Khan yaratowe kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Ruhuhuma, nk’umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI. Akaba azokwinjira mu mabanga yiwe ku wa 15 Ruheshi mu kiringo c’imyaka icenda, akaba asubiriye umucamanza wo mu gihugu ca Gambiya Fatou Bensouda. Umushingwamanza Lambert Nigarura, arongoye urunani rw’abarundi bakorana na sentare mpuzamakungu mpanavyaha CBCPI, avuga ko bafitiye icizere iyo ndongozi nshasha ashimikiye ku burambe afise mu gisata kijanye no guhana ivyaha.