Amakuru
27 avril 2024

Amatohoza ya Sentare mpuzamakungu CPI azoteba ahere (L. Nigarura)

Sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI iracariko irakora igikorwa cayo co gusesengura amadosiye yatanzwe n’amashirahamwe yigenga yo mu Burundi ku mabi yakorewe abanyagihugu n’inzego za leta kuva mu myiyerekano yo mu 2015. Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru wa CPI vyaramaze kwemera ko hakorwa amatohoza, uyu munsi abakozi b’iyo sentare bakaba bariko barabandanya ayo matohoza kuva mu 2017. Ivyo vyemezwa n’umushingwamanza Lambert Nigarura, umwe mu bashingwamanza bashikirije amadosiye iyo sentare. Akaba ahumuriza abakorewe amabi canke abafise ababo bakorewe amabi, ko hazoshika igihe amatohoza ahera hagakurikiranwa abayakoze.