Amakuru
27 avril 2024

Uburundi bwaratevye gushira mu ngiro ingingo ya Sentare ya Afrika y’ubuseruko ku kiringo ca gatatu

Ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza carahonyanze Ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi n’Amasezerano y’amahoro y’i Arusha. Iyo ni ingingo yafashwe na Sentare y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika yo mu buseruko kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo 2021. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, umwe mu bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yari yitwariye leta y’Uburundi, avuga ko ico kiringo ca gatatu giteye kubiri n’amategeko, ababazwa n’uko leta y’Uburundi iriko irakwega amakuru mu gushira mu ngiro ingingo yafashwe n’iyo sentare. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize abona ko hamwe iyo ngingo yoshirwa mu ngiro, vyofasha kugira ngo ibibazo bitari bike bihanze igihugu muri kino gihe bitorerwe umuti.