Amakuru
12 octobre 2021

Umwigeme w’Umurundikazi ategerezwa kwigishwa kugira bifashe mu guteza imbere igihugu

Leta n’abavyeyi bafise uruhara rukomeye mu kurwanira agateka k’umwigeme mu Burundi. Ni ibishikirizwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro. Akabishikiriza mu gihe uyu munsi igenekerezo rya 11 Gitugutu, isi yose ihimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe umwigeme. Kuri Marie Louise Baricako, ngo uyu munsi ushitse abigeme benshi batiga, kandi hibonekeza amabi menshi akorerwa abigeme mu Burundi.