Amakuru
21 septembre 2023

Umwe wese arafise uruhara mu kugarukana amahoro mu Burundi, akamo k’umuhari Inamahoro

Amabi y’agahomerabunwa abandanya akorerwa mu Burundi yerekana ko amahoro akiri kure nk’ukwezi. Ivyo binegurwa n’umuhari Inamahoro, kuri uno wa 21 Nyakanga, umunsi mpuzamakungu wahariwe amahoro. Abo bakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano batanga uburorero bw’ayo mabi, eka bakanerekana uko umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha Abarundi CVR uriko uteranya Abarundi hagati yabo, eka ubu ho wanatandukiriye guteranya Abarundi n’ibihugu bibanyi. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, agahamagarira indongozi z’igihugu kwerekana mu bikorwa vyabo ko bipfuza koko ko amahoro agaruka mu Burundi, nk’uko badahengeshanya kubivuga mu majambo yabo. Ako kamo nyene agatera n’Abarundi bose, ko umwe wese afise uruhara mu kugira amahoro asasagare.