Isi yose irahimbaza ku wa 5 Gitugutu umunsi mpuzamakungu wahariwe umwigisha. Kubw’Urunani ruhamagarira Abarundi kuba intungane RCP, uwo munsi ushitse abigisha bugarijwe n’ibibazo vyinshi harimwo no kudahabwa agaciro nka mbere. Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urwo runani, ahanura Leta gushigikira vy’umwihariko uwo mwuga wo kwigisha kugira muri kazoza Uburundi bushobora kuronka incabwenge zibuhagararira biciye mu nyigisho z’akanovera.
Amakuru
6 octobre 2021