Amakuru
5 octobre 2022

Umwarimu ategerezwa kwitanga kugira ubumenyi atanga bufashe mw’inagurwa ry’inyigisho

Umwarimu ahamagarirwa kwitanga bikwiye kugira ubumenyi atanga bufashe mw’inagurwa ry’inyigisho. Ako ni akamo gaterwa na Frédéric Bangirinama, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Indero, mu gihe kuri uno wa 5 Gitugutu, isi ihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umwarimu. Mw’itangazo ry’uyu munsi, ubwo bushikiranganji bwiyemeje kubandanya bugiranira ibiganiro n’abarimu hamwe n’ugutsimbataza intwaro ibereye mu mashure.