Amakuru
30 novembre 2022

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi arahakana kuganira n’abo batavuga rumwe muri politike

Aheruka kuvugira kuri France 24 ko abakurikiranwa n’ubutungane bazobanza gukubitwa intahe mu gahanga imbere ya vyose. Evariste Ndayishimiye yari abajijwe ko atotunganya ibiganiro n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe harimwo abahunze igihugu. Abo umukuru w’Igihugu avuga ko bategerezwa kwitaba ubutungane bagirizwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu 2015.
Bamwe mu banyepolitike babona gute iyo mvugo ya Evariste Ndayishimiye ?