Amakuru
14 avril 2022

Inama kaminuza y’igisata c’indero izofasha gutora agahaze muri ico gisata

Akanovera mu gisata c’indero karatitutse mu gihugu cose. Bikava ahanini mu kudasuzuma neza ko ibisabwa muri ico gisata bikwije amategeko. Ibi bishikirizwa na Frédéric Bangirinama, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Indero. Bikaba ari ivyo vyatumye hatunganijwe inama rukokoma ku magenekerezo ya 14 na 15 Ndamukiza, kugira harabirwe hamwe icokorwa kugira igisata c’indero gitere imbere. Frédéric Bangirinama agasaba urwaruka guhurumbira amashure y’imyuga kuko izobafasha kwiteza imbere.