Amakuru
12 mai 2023

Umwanya Bunyoni ari mu butungane, akwiye kubazwa ku mabi yose y’ubwicanyi yagirizwa

Umwanya akiri mu minwe y’ubutungane, Bunyoni akwiye kubazwa ku mabi yose y’ubwicanyi yagirizwa ko yagizemwo uruhara akiri umushikiranganji w’Umutekano hamwe n’igihe yari umushikiranganji wa Mbere. Bisabwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Avuga ko ukudahana gukwiye kuranduranwa n’imizi kuko ari inzitizi kw’iterambere ry’igihugu.