Amakuru
11 août 2022

Umwana w’umutwa azomenya mu kibazo ca leta azokwiga mw’ishure ry’uburaro

Umwana w’umutwa wese azotora ikibazo ca leta azoronka akarusho ko kwigishwa mw’ishure ry’uburaro rimwegereye. Iyo ni imwe mu ngingo zafashwe na leta mu kugira ngo bafashe abasangwabutaka gutera imbere. Vyaraye bishikirijwe kuri uyu wa kabiri n’icegera c’umukuru w’Igihugu Prosper Bazombanza. Hakaba hari mu gihe hariko hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe abasangwabutaka wahimbarijwe mu ntara ya Gitega.