Amakuru
6 juin 2023

Ukwubaha amasezerano y’amahoro ya Luanda na Nairobi ni wo muti ku ndyane ziri muri Congo

Ukwubahiriza amasezerano y’amahoro y’i Luanda na Nairobi kugira haboneke umuti urama ku ndyane ziri mu karere ka Congo y’ubuseruko, uguhagarika intambara hagati y’intwazangabo zibiri bahanganye muri Sudani, ivyo biri mu vyapfunditswe mu nama igira 10 y’abakuru b’ibihugu b’akarere k’ibiyaga binini, ikaba yabereye i Luanda mu ndwi iheze. Icegera c’umukuru w’Igihugu Prosper Bazombanza ni we yaserukiye umukuru w’Igihugu muri iyo nama, akaba yashitse i Bujumbura ku wa mbere uheze.