Amakuru
29 février 2024

Imitumba yose yo mu Burundi igiye kuzoshikwako n’umuhora wa internet (Prosper Bazombanza)

Umuhora wa internet ugiye gushikanwa ku mitumba yose mu Burundi. Vyamenyeshejwe na Prosper Bazombanza, Icegera c’umukuru w’Igihugu. Yabivuze avuye mu mubonano n’icegera c’umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryo gutumatumanako amakuru UTI riri i Génève mu bu Suisse. Bazombanza yamenyesheje ko iryo shirahamwe rigiye gufasha Uburundi muri uwo mugambi wo gukwiragiza umuhora wa internet.