Amakuru
24 février 2023

Umwana akeneye kuba mu buryo butuma yiyumvamwo ishure

Abana barashobora guheba amashure bivuye kuri bo, bivuye ku bavyeyi babo ariko kandi bivuye ku barezi babo mu gihe badashoboye kwereka umwana ko bitayeho ibijanye n’ubumenyi bwiwe. Uwo ni umwihwezo wa Jean Gabin Ntebutse, umwigisha muri kaminuza ya Sherbrooke mu gihugu ca Canada. Abivuze inyuma y’aho habonetse ibitigiri vy’umurengera vy’abana bahevye ishure mu gice ca mbere c’uwu mwaka biraba intara zitatu gusa. Uwo muhinga akibutsa ko umwana akeneye vyinshi kugira yiyumvemwo ishure, atari ivyo aca arita. Arerekana uruhara rukomeye rw’abategetsi b’igihugu bategerezwa gukoresha amajambo ahumuriza abana kandi abahamagarira kubandanya amashure kuko ari yo kazoza.