Amakuru
4 mai 2023

Ugusubira kwubahiriza Amasezerano ya Arusha, kwotuma hagaruka amahoro arama mu Burundi

Amasezerano y’amahoro ya Arusha ku Barundi bakunda igihugu ni yo akenewe kugira igihugu gisubire kwiyubaka mu mibano n’ubutunzi. Ivyo ni vyo Abarundi baheruka guhurira mu nama zibiri zitandukanye zabereye mu gihugu c’Ububiligi bahurijeko, hari mu ndwi zibiri ziheze. Jean Gabin Ntebutse, umwigisha muri Kaminuza ya Sherbrooke mu gihugu ca Canada, yari yitavye izo nama zose, amenyesha ko abitavye izo nama bibukanije akamaro k’ayo masezerano, hanyuma biyemeza kuja hamwe kugira bumvikane inzira bokoresha mu kwereka abanyagihugu akamaro k’ayo masezerano kugira bashobore kwubaka igihugu bisunze ibiri muri yo.