Amakuru
29 juillet 2023

Amabi akorwa n’abarezi ku bana b’abanyeshure, aterwa n’itituka ry’imico y’ubuntu

Inyifato y’abarezi bashurashuza abana bari basanzwe bohaye indero, itumwa n’ibibazo biri mu gihugu, aho indyane zitandukanye zatumye Abarundi batakaza imico y’ubuntu. Ni ko bibonwa na Jean Gabin Ntebutse, umuhinga mu vy’indero. Ku bwiwe, ingaruka y’uko gushurashuzwa ziza ubwa mbere ku wabikorewe, ku muryango wiwe eka n’igihugu. Uwo muhinga agasaba y’uko hofatwa ingingo zishoboka mu gushiraho amategeko akomeye akingira abana akongera agahana abakora ayo mabi, hadasizwe inyuma imigambi yo kwitaho ababa bakorewe ayo mabi mu kubakingira inkurikizi mbi mu buzima bwabo.