Amakuru
11 février 2022

Umuyobozi w’isoko rya Kinama yagirizwa gutangisha ibiturire abashaka ibibanza

Abadandaza barenga 220 bo mw’isoko ya Kinama mu gisagara ca Bujumbura baragiriza uwurongoye isoko ya Kinama n’uwuserukira abadandaza b’aho mu Kinama ko babivye amafranga 200 000 ku mudandaza wese, babemerera ibibanza mw’isoko ariko bararindira amaso ahera mu nzira. Babivugiye mu nama yahuje umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana n’abanyagihugu bo mu mazone ya Kinama, Gihosha na Kamenge kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 09 Ruhuhuma. Ubwo bunyonyezi buranemezwa n’abajejwe intwaro aho muri komine ya Ntahangwa.