Ubunywero n’uburiro budakwije ivyangombwa vy’isuku mu gisagara ca Bujumbura butegerezwa kwugarwa. Iryo ni itegeko ryatanzwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura. Jimmy Hatungimana yabivuze mu nama yo guhimiriza mu bikorwa vyo kurwanya akaranda k’ibihara vy’inguge yahuriyemwo abajejwe intwaro n’umutekano. Akaba ahamagarira gushiraho vyihuta ibikoresho vyo gukaraba iminwe aho hose hahurira abantu benshi.
Amakuru
5 septembre 2024