Amakuru
13 septembre 2023

Umuti w’indyane ziri mu gihugu ca Congo ntuzova mu kwongera ikiringo igisirikare c’akarere

Ikiringo c’inteko za Afrika y’ubuseruko ziri kugarukana amahoro muri Congo carongewe ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 05 Nyakanga ayandi mezi atatu gikorera mu ntara ya Kivu yo mu buraruko. Iyo ngingo yafashwe mu nama igira 22 y’abakuru b’Ibihugu n’amaleta i Nairobi muri Kenya. Ivyo bikaba vyarashitsweko n’aho abategetsi b’igihugu ca Congo banegura ibikorwa vy’izo nteko mu guhagarika ibikorwa vy’umuhari urwana M23.

None izo nteko zoba zizoshobora kugarukana amahoro arama muri ico gihugu ca Congo ?

Ingaruka zoba izihe mu gihe ico gihugu kibandanije cibonekezamwo indyane ?