Kuvuga ko hari amahoro mu Burundi ngo vyerekana ko abarongozi batitayeho ineza y’abanyagihugu. Bivugwa na Jérémie Minani, arongoye umugambwe w’Ihuriro ry’abaharanira intwaro rusangi mu Burundi (RDB). Akaba abishikirije inyuma y’aho umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye amenyeshereje ko amahoro Abarundi barondera bayaronse. Jérémie Minani amenyesha ko ata wovuga amahoro mu gihugu mu gihe ibiziga vyirirwa biratorwa, abantu bakanyuruzwa n’inzego z’iperereza iminsi yose.
Amakuru
1 décembre 2021