Amakuru
6 juin 2023

Ukudashira mu ngiro imanza zaciwe kwerekana intwaro y’igikenye ya Evariste Ndayishimiye

Umukuru w’Igihugu ntafise akazi ko gushira mu ngiro imanza zaciwe ziri mu masentare. Ahubwo ajejwe gukwirikirana ibikorwa vy’ibisata vya leta kugira kimwe cose gikore neza ivyo kijejwe. Bisigurwa na Jérémie Minani, arongoye umugambwe w’Ihuriro ry’Abarundi baharanira intwaro rusangi (RDB), akaba yanahoze ari umucamanza mu Burundi. Akaba abivuze inyuma y’aho Evariste Ndayishimiye yidogeye ko abacamanza badashira mu ngiro imanza zacitse none agiye kuvyikorera. Minani yibutsa ko igisata c’ubutungane co kimwe n’ibindi bisata vya leta vyugarijwe n’ingorane nyinshi, harimwo ibijanye n’ingene akazi gatangwa kagahabwa abanyamugambwe ba CNDD-FDD bataravye ubumenyi, hamwe n’ubukene bigatuma bataronka n’ingene baja gushira mu ngiro izo manza.