Amakuru
16 juin 2023

Ingingo yo gukuraho inoti za 5 na 10, nta co ije kumara ku ngorane z’ubutunzi bw’igihugu

Ingingo yo gukura kw’isoko amanoti ya kera y’ibihumbi 5 na 10 ni iyo guhasha bamwe mu bicocoro bo mu mugambwe uri ku butegetsi bakibika amafaranga mu mazu yabo. Ivyo bivugwa na Jérémie Minani, arongoye umugambwe w’Ihuriro ry’Abarundi baharanira intwaro rusangi (RDB). Ku bwiwe, iyo ngingo nta nyungu n’imwe ifise mu vy’ubutunzi bw’igihugu uretse ko ije guhuhura ivyahuha ku bukene bwugarije abanyagihugu. Akongera akavuga ko iyo ngingo isubiye kwerekana ko leta itanezwe abanyagihugu.