Amakuru
1 décembre 2022

Umutekano w’abakenyezi baba mw’ikambi y’i Lusenda utegerezwa kwubahirizwa

Ntibihagije guha ubuhungiro impunzi, utegerezwa no kubacungerera umutekano kugira babeho neza. Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, uhamagarira leta ya Congo gukora ibishoboka vyose kugira icungere umutekano w’impunzi muri rusangi, vy’umwihariko abakenyezi. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, ateye aka kamo inyuma y’aho bamwe mu mpunzi batabarije bagenzi babo ko hari abakenyezi bakorerwa ubwicanyi n’amabi afatiye ku gitsina, bikozwe n’imirwi yitwaje ibirwanisho. Akaba ahamagarira amashirahamwe yose gukurikirana ico kibazo na cane cane muri iki gihe c’iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi afatiye ku gitsina.