Amakuru
13 février 2021

Umusi wahariwe iradiyo ushitse mu gihe amaradiyo mu Burundi abuzwa gukora ico yagenewe

Umusi wahariwe iradiyo ushitse mu gihe amaradiyo mu Burundi abuzwa gukora ico yagenewe. Amakuru atari make y’inkoramutima, amaradiyo asigaye ayakorako agasha. Ariko uravye ibihe isi n’igihugu birimwo, ayo maradiyo nyene yotegerejwe gushirwa imbere mu kwigisha no guhimiriza abanyagihugu. Uwo ni umwihwezo wa Franck Kaze, umuhinga mu bijanye no gushikiriza amakuru.