Amakuru
14 juillet 2023

Firmin Ndimira ni we wenyene ashoboye kuvugira Clément Nkurunziza, nk’uko uwo biganye abisaba

Clément Nkurunziza akwiye kurekurwa kuko ubwicanyi bwakorewe abanyeshure b’Abahutu muri kaminuza y’Uburundi yagirizwa atari we yabukoze. Biri mw’ikete ryuguruye umumenyeshamakuru Franck Kaze yarungikiye Pascal Firmin Ndimira yahora arongoye kaminuza y’Uburundi igihe Clément Nkurunziza yari arongoye ishirahamwe ry’abanyeshure. Franck agasaba uwo mutegetsi kuva mu gacerere kugira avugire uwo ariko ararenganywa kuko amuzi neza. Franck Kaze yemeza ko Clément Nkurunziza atigeze agendera no mu macakubiri.