Amakuru
24 janvier 2024

Umunyororo Clément Nkurunziza afise uburenganzira bwo kwivuza (Me Vital Nshimirimana)

Abarongoye ubutungane n’umurwi w’igihugu uraba ibijanye n’agateka ka zina muntu CNIDH basabwa kugira ico bakoze kugira umunyororo Clément Nkurunziza, muri kino gihe haheze indwi zibiri arwariye mu bitaro vy’i Ngozi, aronswe uruhusha rwo kwivuriza mu bitaro bifise ubushobozi bwo kumukurikirana. Akamo gaterwa n’umushingwamanza Vital Nshimirimana. Uwo yanonosoye ivy’amategeko aributsa ko umunyororo ubwa mbere na mbere ari kiremwa muntu ari na co gituma ategerezwa kuronswa uburenganzira bwo kwivuza. Aragabisha abategetsi ko hamwe batogira ico bakoze, bazobazwa ibijanye n’ihonyangwa ry’uburenganzira bw’uwo munyororo.