Amakuru
24 janvier 2024

ACAT-Burundi isaba abajejwe ubutungane guha uburenganzira bwo kwivuza umupfungwa Clément Nkurunziza

Ishirahamwe ACAT-Burundi riharanira agateka ka zina muntu rirahagaritswe umutima n’amagara atifashe neza y’umunyororo Clément Nkurunziza, muri kino gihe arwariye mu bitaro vy’i Ngozi, haraheze indwi zibiri. Anitha Gateretse, ajejwe gutunganya ibikorwa mw’ishirahamwe ACAT-Burundi, abona ko uwo ari umukenyuro wa leta y’Uburundi wo gutoteza abanyororo basanzwe bakurikiranwa ku vyaha bifitaniye isano na politike. Asaba abarongoye ubushikiranganji bw’Ubutungane guha uruhusha uwo munyororo akaja kwivuriza mu bitaro bifise ubushobozi bwo kumukurikirana. Atari uko, abo bategetsi ngo bitegure kuzokurikiranwa kuri ivyo vyaha bihonyanga uburenganzira bw’abanyororo.