Droits humains
14 août 2024

ACAT-Burundi irahagaritswe umutima n’ubwinshi bw’abanyororo mu gihe c’indwara y’ibihara vy’inguge

Ishirahamwe ACAT-Burundi riratewe umutima uhagaze n’ubwinshi bw’abanyororo bwibonekeza mu mabohero atandakunye yo hirya no hino mu gihugu, na cane cane muri kino gihe hibonekeza ikiza c’ibihara vy’inguge, Mpox. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, avuga ko hamwe ata ngingo zofatwa zihutirwa, ico kiza gishobora kubangamira ubuzima bw’abanyororo basanzwe aho baba, kubera ubwinshi bwabo, batagira isaganirizo.