Amakuru
25 juillet 2023

Hakenewe ijambo ry’abagendanye na Clément Nkurunziza kugira yere

Abafatanije ibikorwa na Clément Nkurunziza igihe yatwara ishirahamwe ry’abanyeshure ba kaminuza mu Burundi barasabwa kumusurira ko ata kimwagira mu vyo yagirizwa vyo kugandagura abanyeshure bo muri iyo kaminuza bo mu bwoko bw’Abahutu. Ivyo biri mw’ikete rigira kabiri umumenyeshamakuru Franck Kaze yandikiye Pascal Firmin Ndimira, yahoze ari umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi. Nk’uko yari yabimusavye no mw’ikete rya mbere, asaba Ndimira n’abandi bose bakoranye na Clément Nkurunziza mu gukingira ubuzima bw’abanyeshure isinzi ko bova mu gacerere bakavuga ivyo bazi kuko Clément apfunzwe yagirizwa icaha atakoze.