Amakuru
29 septembre 2022

Umushingwamanza Sandra Ndayizeye na Etienne Sahabo baraye ijoro rya mbere mw’ibohero rya Mpimba

Umushingwamanza Sandra Ndayizeye, aburanira Muganga Christophe Sahabo, yaraye ijoro ryiwe rya kabiri mw’ibohero rya Mpimba ari kumwe na Etienne Sahabo avukana na muganga Christophe. Bakaba bajanyweyo ku munsi wa gatatu inyuma y’umunsi wose bariko barumvirizwa muri parike ya Muha mu gisagara ca Bujumbura. Babajijwe ku bijanye n’inama y’abanyamitahe b’ibitaro Kira yabaye ku wa 8 Nyakanga 2022. Abize ivy’amategeko bakaba bemeza ko iyo dosiye ari iya politike itakiri iy’ubutungane.