Amakuru
3 août 2023

Ikoreshwa ry’ubutungane bw’Uburundi ni ryo rifatiye amaboko i mugongo Muganga Christophe Sahabo

Amanyanga aguma yibonekeza mu rubanza rwa Muganga Christophe Sahabo n’ibitaro Kira aguma agaragaza ko ari urubanza rwa politike. Bishikirizwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, akurikiranira hafi urwo rubanza. Akaba abivuze inyuma y’aho Sentare nkuru ya Muha yanse gutangaza ko idafise ububasha bwo guca urwo rubanza. Uretse n’ivyo, umushingwamanza Niyonzima agatera ivyatsi ikoreshwa ry’amategeko ya kera, mu gihe ayo mategeko atagikoreshwa yasubirijwe n’ayandi.