Amakuru
17 juin 2021

Umushikirizamanza mukuru wa CPI Karim Asad Ahmad Khan yatanguye icese amabanga yiwe

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2021, niho umushikirizamanza mukuru wa sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI Karim Asad Ahmad Khan yatangura icese amabanga yiwe. Kubw’abashingwamanza b’Abarundi bakwirikirana amadosiye y’abitwaye muri iyo sentare kubera amabi bakorewe, barizera ko azobandaniriza aho Fatou Bensouda yari agejeje. Umushingwamanza Lambert Nigarura, arongoye urunani CB-CPI, akaba yaboneyeho no gushimira uwo mupfasoni kubona yarashoboye gutanguza amatohoza ku bwicanyi bwo mu Burundi.