Amakuru
28 septembre 2021

Umushikirizamanza mukuru akora ivyo ategetswe n’ubutegetsi

Abantu batera amagrenade barakwiye kubihagarika kuko ntaco bibungura. Ako kamo bagaterwa na Pierre Claver Mbonimpa, arongoye ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu be n’ak’abapfunzwe. Akibutsa leta ko yari ikwiye guhagarika ukudahana kuko kuri mu bituma ubwicanyi buba ndanse. Pierre Claver Mbonimpa yongera avuga ko amatohoza y’umushikirizamanza mukuru wa Republika ku bitero vy’ibisasu ntezwantoke mu gisagara ca Bujumbura ngo atari ayo kwizera.