Amakuru
23 septembre 2023

Ishirahamwe APRODH rirahagaritswe umutima n’ipfungwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye

Ishirahamwe APRODH rirahagaritswe umutima n’ipfungwa ry’umumenyeshamakuru Floriane irangabiye ari mu munyororo mw’ibohero rikuru rya Muyinga akongera agahohoterwa kandi ariko azira ubusa. Pierre Claver Mbonimpa, arongoye iryo shirahamwe, akavuga ko afise amakuru y’uko Floriane yoba ari mu gukurwa mw’ibohero rya Muyinga akimurirwa mw’ibohero ry’i Bubanza, ivyo vyose mu ntumbero yo kubandanya bamuburabuza.