Amakuru
26 septembre 2023

N’aho yagirizwa ivyaha bikomeye, Bunyoni ategerezwa gufatwa nk’abandi banyororo

Uburyo uwahoze ari umushikiranganji wa Mbere Alain Guillaume Bunyoni apfunzwemwo burababaje mu gihe ari mu cumba ca wenyene, ntagire n’umwanya na muto wo kwota akazuba. Atabarizwa n’ishirahamwe APRODH ryishinze guharanira agateka ka zina muntu n’ak’abapfunzwe. Bikaba biri uko mu gihe Bunyoni yategerezwa gufatwa nk’abandi banyororo bandi kuko bagengwa n’itegeko rimwe n’aho afise ivyaha yagirizwa ntibituma atakaza uburenganzira ahabwa n’amategeko. Agasaba ko urubanza rwiwe rwokwihuta kugira ivyaha yagirizwa bimenyekane.