Amatati yari hagati y’umushikiranganji w’Ubudandaji na bamwe mu bayobozi biwe asa n’ayaheze. Kuko ku munsi wa gatatu, niwe nyene yatumyeko abamenyeshamakuru kugira atangaze ubwiwe ibiciro bishasha vyo kwiyunguruza. Ivyo biciro bikaba biri hasi na kure ku vyari vyashikirijwe n’uwo murwi. Kukaba nkako, umushikiranganji yatangaje ko hose mu Burundi igiciro congerejwe ku bice 12,63%, uwo murwi nawo wari wadugije igiciro ku bice 25%.
Amakuru
11 février 2022