Amakuru
22 février 2024

Ubushikiranganji bwo Kwunguruza abantu n’ibintu buramenyesha ibiciro bishasha vyo kwiyunguruza

Ubushikiranganji bujejwe ivyo kwunguruza abantu n’ibintu bwaraye busohoye ibiciro bishasha vyo kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura no hagati mu gihugu. Ni inyuma y’aho ibiciro vy’igitoro bigabanukiye. Marie Chantal Nijimbere, arongoye ubwo bushikiranganji, aragabisha abunguruza abantu batazokwubahiririza ivyo biciro, ibiciro bibwirizwa kandi kuba bimanitse mu modoka yose yunguruza abantu.