Agriculture
15 février 2024

Igurwa ry’umwimbu w’ibigori rizotangura ku wa mbere w’indwi iza mu gihugu cose

Umwimbu wose w’intete z’ibigori zizogurwa n’ishirahamwe ANAGESSA mu mazone agize igihugu ku mafaranga 1 700 y’amarundi ku kilo. Biri mw’itangazo ubushikiranganji bw’Ubudandaji bwasohoye kuri uyu wa gatatu itariki 14 Ruhuhuma. Igurwa ry’umwimbu w’ibigori ku rwego rw’igihugu rikaba rizotangura ku wa mbere w’indwi iza. Marie Chantal Nijimbere, umushikiranganji w’Ubudandaji, amenyesha ko uwushoye uwo mwimbu azobanza kwerekana ko uwo mwimbu ari uwiwe.