Amakuru
25 mai 2022

Umurwi w’igihugu uriko uritegurira neza inkino zo gukuranamwo z’igikombe ca Afrika co mu 2023

Imyiteguro y’umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru, Intamba mu rugamba, mu kwitegurira inkino zo gukuranamwo mu gikombe ca Afrika co mu mwaka w’2023, ngo iriko igenda neza. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa mbere na Alexandre Muyenge, arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, hari mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru. Yarongeye aramenyesha ko abakinyi batari bake bakinira mu bindi bihugu bamaze gushika, ko n’imyimenyerezo izotangura kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 25 Rusama, imbere y’uko uwo murwi uzoca ufata urugendo ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 31 Rusama, ugana mu gihugu ca Afrika y’epfo. Intamba zizotana mu mitwe mu rukino rwazo rwa mbere n’igihugu ca Namibiya.