Amakuru
20 décembre 2023

Umusezero w’ikizungu w’ikibuga Intwari uzofata umwanya urenze uwategekanijwe (FFB)

Ibikorwa vyo kwubaka stade Intwari birashobora kutazoba birahera mu kwezi kwa Ruheshi umwaka w’2024 nk’uko Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryari ryabisavye. Bivugwa na Alexandre Muyenge, arongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Amenyesha ko kubera imvura izoba ari nyinshi mu Burundi, ibikorwa vyo gutera umusezero w’ikizungu bidashoboka mu gihe c’imvura.